Amakuru
24 avril 2024

Umugambi wo kuvura ku buntu abagore bibungenze urimwo ubusuma bwinshi (OLUCOME)

Haraheze imyaka myinshi hari ubusuma bwinyegeje inyuma y’umugambi wa leta wo kuvura ku buntu abakenyezi bibungeze. Bivugwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME. Abivuze inyuma y’aho umushikiranganji w’Amagara y’abantu amenyeshereje ko hari ibitaro bibesha ibitigiri vy’abo vyavuye ku buntu. Gabriel Rufyiri agasaba leta gusubira gutunganya neza uwo mugambi kugira ufashe abatishoboye.