Amakuru
9 janvier 2024

Umugambi wo gusubiza mu zabo abacitse kw’icumu i Gitega ni ikinyoma (AC-Génocide)

Umugambi wo gusubiza mu zabo abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwo kuva mu 1993 bo muri komine Buraza intara ya Gitega nta ciza kizobaviramwo n’aho umukuru w’Igihugu asa n’uwuhumuriza abo banyagihugu ko bagiye kubafasha. Bivugwa na Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe AC Génocide/igisata ca Canada, akaba abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu amenyeshereje ko leta igiye gufasha abipfuza. Nkurunziza abona ko iyo leta iba yakunda abo banyagihugu, yari kubanza kubakingira abo hari mu gihe badasiba guterwa ubwoba n’imirwi y’Imbonerakure ikingiwe ikibaba n’inzego za leta uhereye ku mukuru w’Igihugu ubwiwe.