Amakuru
2 mars 2022

Umugambi « Twige neza » ugiye gufashwa kugera ku mafaranga imiliyoni 21 z’amadolari y’Abanyamerika

Imiliyoni mirongo ibiri n’imwe z’amadolari y’Abanyamerika, niyo mfashanyo yahawe leta y’Uburundi biciye mu kigo c’Abafaransa kijejwe iterambere. Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji w’ikigega ca leta y’Uburundi, avuga ko ayo mafaranga azokoreshwa mu mugambi « Twige Neza » wo mu bushikiranganji bw’Indero, kandi ko azofasha mu gukemura ibibazo bimwe bimwe bihanze ico gisata.