Amakuru
3 septembre 2022

Ibanki y’isi yatanze imiliyoni 50 z’amadolari azokora umurindi munini w’ubuhinga ngurukanabumenyi

Imiliyoni 50 z’amadolari. Ni yo mafaranga ibanki y’isi ihejeje guha leta y’Uburundi kugira ishire mu ngiro umugambi wo kuronka umuhora wagutse w’ubuhinga ngurukanabumenyi, internet. Amasezerano y’iyo mfashanyo yashizweko umukono ku munsi wa kane itariki 31 Myandagaro. Umushikiranganji w’Ikigega ca leta, Domitien Ndihokubwayo, avuga ko uwo mugambi uzoshira imbere imirwi imwe imwe y’abantu nk’abakenyezi, hamwe n’ibisata nk’ivya leta n’indero.