Amakuru
29 août 2022

Kw’Īsôko: Amakenga ajanye n’ishirwa mu ngiro ry’itegeko ryo kunganisha imishahara mu bakozi ba leta

Mu nama nshikiranganji yo ku wa 15 Ruheshi uno mwaka, leta y’Uburundi yaremeje integuro y’itegeko rigenga abakozi ba leta. Muri iyo nteguro, harimwo gukuraho ubusumbasumbane butubahirije amategeko ku mishahara y’abakozi ba leta. Leta ikaba yategekanya ko mu mpera y’ukwezi kwa Mukakaro uno mwaka, abakozi bayo bazohembwa imishahara ishingiye kuri ukwo gukuraho ubusumbasumbane. Turetse ko ku mishahara y’abakozi ata cahindutse kuri iryo sango, imvugo z’ibihushane zashikirijwe n’abategetsi bo hejuru zongereje igipfungu kuri ico kibazo.