Amakuru
19 décembre 2022

Umugambi PASACC ufasha mw’iterambere ry’umuco n’akaranga mu Burundi

Abantu bagera kw’153 bagizwe n’abakinyi b’ivyese, abaririmvyi, abanditsi n’abakina amareresi barahejeje inyigisho bahoramwo zatanzwe n’umugambi PASACC ufashwe mu mugongo n’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi. Ku bwa Armand Nibitanga, ajejwe kumenyesha amakuru muri uwo mugambi, PASACC ngo iifasha mu guteza imbere umuco n’akaranga vy’Uburundi.