Amakuru
1 avril 2022

Ukwugurura BBC kwerekana ishaka rya leta ryo kwemera ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru

Guha uburenganzira bwo gusubira gukora amaradiyo amwe amwe yari yarugawe ni vyiza, ariko vyonyene ntibihagije uravye uko uburenganzira bwo kumenyesha amakuru bwifashe mu Burundi. Bivugwa na Arnaud Froger, arongoye Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF, igisata ca Afrika. Abishikirije inyuma y’aho iradiyo y’abongereza BBC isubiriye kuronka uburenganzira bwo gukora. Agashima ariko ko ari intambwe itanga icizere no ku bindi bimenyeshamakuru bikiri mu bihano.