Amakuru
6 mai 2022

Ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru mu Burundi buracakenewe n’aho RSF ivuga ko bwateye imbere mu kibanza

N’aho igihugu c’Uburundi cari cabaye ic’akarorero mu bihugu vyo mu karere mu mwuga wo kumenyesha amakuru imbere y’umwaka w’2015, ibintu vyarayangaye inyuma yo gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe Reporters sans frontières. Ico cegeranyo kikaba casohotse mu gihe amakungu yahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, ku wa 03 Rusama. Ico cegeranyo kivuga ko n’inyuma y’itorwa rya Evariste Ndayishimiye, ata na kimwe kirahinduka n’aho yari yiyemeje ko agiye gusubiza ibintu mu buryo.