Amakuru
14 janvier 2023

Leta y’Uburundi ni yo ibazwa umutekano no gutunganiriza umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye

Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muyinga yarakubaguwe n’umunyororo azwi kw’izina rya Elie Nzeyimana, batazira Gasongo, hari inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa kane. Ivyo bikaba vyabaye imbere y’abakozi b’ibohero mbere harimwo n’abapolisi bacungereye ibohero. Uwo Elie Nzeyimana akaba yavuze bose bumva ko igihe abategetsi batazoba bahari mu mpera z’ino ndwi, azomugirira nabi. Agatotezo kabandanya gukorerwa umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye gushika mw’ibohero apfungiwemwo kabazwa ubutegetsi budahengeshanya kumuhohotera. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu Reporters Sans Frontières. Sadibou Marong, ajejwe umugabane wa Afrika muri RSF, asigura ko yaba urubanza rwaciriwe uwo mumenyeshamakuru ata caha kigaragara yakoze atari umwuga wiwe, yaba agatotezo agirirwa mw’ibohero, vyose ari ibimenyetso vy’uko ubutegetsi buterekwa umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi.