Amakuru
16 août 2024

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye arakwiye kurekura abapfungiwe ubusa bose (I. Muhozi)

Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yarekuwe kuri uyu wa gatanu bivuye kw’itegeko ry’umukuru w’Igihugu ryo ku wa 14 Myandagaro 2024 rimuha ikigongwe. Yari yaciriwe gupfungwa imyaka 10 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu. Ku bw’abarongoye ibimenyeshamakuru mu Burundi bikorera mu buhungiro, barashima iyo ngingo igirira ikigongwe Floriane Irangabiye, ariko kandi bagasaba ko n’abandi Barundi isinzi bapfunzwe bagirizwa ibidafashe canke bahejeje ibihano baciriwe borekurwa. Innocent Muhozi, arongoye Télé Renaissance, agasaba umukuru w’Igihugu Ndayishimiye kurekura abo bose bapfunzwe ku karenganyo.