Amakuru
28 mars 2022

Ukwiyongera kw’abakoresha umwavu wa FOMI nikwo kwatumye ukena

Ifumbire ya FOMI ntirashikira abarimyi bamwe bamwe gushika ubu mu ntara zimwe zimwe z’igihugu. Bikaba vyatewe n’uko abasavye iyo fumbire babaye benshi. Ibi vyemezwa na Clément Ndikumasabo, umuyobozi ajejwe ihimiriza mu bushikiranganji bw’Uburimyi. Akaba yabishikirije mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zitandukanye za leta ku wa gatanu uheze mu ntara ya Rutana. Clément Ndikumasabo aremeza ko ubushikiranganji bw’Uburimyi buriko burakurikirana ico kibazo.