Amakuru
26 octobre 2023

Ifumbire FOMI rirageramiwe n’abarijana mu kinyegero muri Congo na Tanzaniya (Pierre Nkurikiye)

Hamaze iminsi hibonekeza abantu bacisha mu kinywabi ifumbire ya FOMI bayijana mu bihugu bibanyi vya Tanzaniya na Congo. Hakaba hari abatari bake bafashwe ku mipaka bagira bayijabukane. Ubushikiranganji bw’Umutekano bukaba buhamagarira ababikora kuvavanura n’iyo ngendo. Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, akaba yabivugiye ku rubibe rw’i Gisuru mu Ruyigi ku munsi wa mbere. Hakaba ari hamwe mu hacishwa mu kinyegero ico kidandazwa kijanwa muri Tanzaniya.