Amakuru
6 octobre 2023

Ivyashikirijwe na Ndirakobuca imbere y’abashingamateka vyari gutuma akurwa (Bamvuginyumvira)

Amajambo yashikirijwe n’umushikiranganji wa Mbere ku bijanye n’idandazwa ry’amatike y’idenge mu mafaranga y’agaciro hamwe n’uko umwavu w’ishirahamwe FOMI ata co umariye abarimyi, ni amajambo ateye isoni. Binegurwa na Frédéric Bamvuginyumvira, afata y’uko amajambo nk’ayo ashikirijwe n’umutegetsi nk’uyo imbere y’abatowe n’abanyagihugu yerekana ko ata gicungereye igihugu, mu gihe ari we yategerezwa kuba azi vyose, ingene inzego zose zikora. Ku bwiwe, avuga ko iyo haba mu gihugu c’amategeko, abo bashingamateka bari guca bamukura agasubirizwa n’uwushobora gukwirikirana ivy’igihugu. Gervais Ndirakobuca akaba yabivuze mu ntango z’indwi aho yariko arashikiriza ivyaranguwe na leta mu mezi atandatu ya nyuma.