Amakuru
27 avril 2024

Ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza kwakurikiwe n’amabi atagira izina

Akamo katewe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ahamagarira Abarundi kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, kari karitabwe n’isinzi ry’abantu bihaye amabarabara mu gisagara ca Bujumbura. Iyo myiyerekano ikaba yaraburabujwe bimwe bikomeye n’inzego z’umutekano. Abantu barishwe, abandi baburwa irengero hatavuzwe ibihumbi n’ibihumbi vy’Abarundi bahunze igihugu.