Amakuru
25 octobre 2021

Ukuzimanganya ibimenyetso vy’ubwicanyi bwakozwe na CNDD-FDD, nico kiraje ishinga leta

Ubutegetsi bw’i Burundi ngo biragaragara neza ko bufise umugambi wo kuzimanganya ibimenyetso vy’ubwicanyi bwakorewe abantu bo mu bwoko bw’Abatutsi. Ivyo bivugwa na Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko AC-Génocide Cirimoso igisata co mu gihugu ca Canada. Iryo shirahamwe rifatira ku bikorwa vy’umurwi CVR rivuga ko ucanishamwo Abarundi mu gukora ku bwicanyi bwakorewe Abahutu gusa. Rifatira kandi ku ngingo iherutse kubuza ko ababishaka bose boja kwunamira abanyeshure b’Abatutsi bababa ijana biciwe Kwibubu mu Kibimba mu mwaka w’1993. Ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso Canada ryabishikirije kuri uyu wa gatandatu aho bari baramutse bibuka ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w’1993 mu Burundi.