Amakuru
16 avril 2022

Ukutizerana hagati ya leta n’igisirikare ni vyo vyoba vyinyegeje inyuma y’ishirwaho ry’urwego FRAD

Ishirwaho ry’igisirikare c’integabizoza n’iterambere (FRAD) ryerekana ko leta itagifitiye icizere igisirikare cayo. Leta yoba yarabonye ko hari ivyo igisirikare kitokwemera gukora mu vyo abategetsi bipfuza, ica ishima gushiraho urwo rwego. Bivugwa na Léonidas Hatungimana, yahoze arongoye umurwi ujejwe umutekano no kwivuna abansi mu Nama nshingamateka y’Uburundi. Ikindi asigura ni uko ico gisirikare kije gufasha kugira habandanye imyimenyerezo ya gisirikare yahora ikorerwa mu kinyegero ihabwa urwaruka rw’Imbonerakure.