Amakuru
24 mars 2023

Inguvu za leta nta co zamaze mu kurwanya amabi akorerwa abanyagihugu

Icegeranyo ata co gisiga inyuma ni co igisata kijejwe agateka ka zina muntu na demokarasi muri Leta zunze ubumwe za Amerika casohoye ku Burundi ku mabi yahakorewe mu 2022. Ico cegeranyo kikerekana ko uguhungabanya agateka ka zina muntu kwabandanije kumera nabi. Kikaba gisubiramwo ivyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yo mu Burundi n’ayo mu makungu.