Amakuru
29 septembre 2023

Ukutitaho igisata c’indero kuri mu bibangamiye kazoza k’igihugu

Ikibazo c’intebe z’abanyeshure biga mu mashure ya leta kiri mu vyerekana neza ko indero y’urwaruka itari mu vyo leta ya CNDD-FDD ishira imbere kuva ishikira ubutegetsi. Bivugwa na Libérat Ntibashirakandi, umuhinga mu vy’indero. Ku bwiwe, uravye n’ingene bagabuye amafaranga ku bisata bitandukanye ni ikindi cerekana neza ko mu vyo bitayeho ico gisata kitarimwo. Akaba asaba abategetsi kwikubita agashi ku neza y’igihugu.