Amakuru
26 novembre 2021

Ukutigenga kw’ubutungane, kimwe mu bituma amabi afatiye ku gitsina adahera

Ukutigenga kw’ubutungane bwo mu Burundi nikwo gutuma budakubita intahe mu gahanga abakora amabi afatiye ku gitsina. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani rw’Abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha vy’agahomerabunwa bihanwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CAVIB). Uwo mushingwamanza akamenyesha ko ubutungane bw’Uburundi bwacitse igikoresho co gutoteza uwo wese atarabwa ryiza n’ubutegetsi ari naco gituma urunani CAVIB ruhitamwo gushengeza abakora mwene ivyo vyaha mu masentare mpuzamakungu.