Amakuru
15 février 2022

Ukurwiza ibiganiro hagati y’abakenyezi kwotuma biyumvira ku burenganzira bwabo

Guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi vyari bikwiye kuba akaryo ko kwihweza no kuraba ivyakozwe bafatiye ku civugo c’umwaka waheze. Nivyo mukurikirana uno munsi mu kiganiro « Agateka k’umukenyezi » mutegurirwa n’Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Jacqueline Habonimana, umunywanyi w’uwo muhari, yibukije indongozi z’Uburundi ko ivyivugo zitora ku mwaka bitoba amajambo gusa, ahubwo bishirwe mu ngiro.