Amakuru
10 décembre 2021

Ukurwanira agateka ka zina muntu, igikorwa ca buri muntu

Leta y’Uburundi ikwiye kuza iribuka ko abaharanira agateka ka zina muntu atari abagizi ba nabi kandi atari abansi b’igihugu. Ibi bisabwa n’Ishirahamwe « Tugire urunani kugira dushigikire abaharanira agateka ka zina muntu babangamiwe ». Iryo shirahamwe rikaba riherutse gushingwa na Germain Rukuki, aherutse kuva mu munyororo inyuma y’imyaka 4 yapfunzwe azira ko aharanira agateka ka zina muntu. Germain Rukuki akavuga ko ivyo yabonye apfunzwe arivyo vyatumye yiyumvira gushinga iryo shirahamwe.