Amakuru
4 avril 2024

Abaharanira agateka ka zina muntu babandanije kuburabuzwa n’ubutungane mu mwaka w’2023 mu Burundi

Abaharanira agateka ka zina muntu barimwo abamenyeshamakuru n’abo mu ma sendika y’abakozi bagera kuri 30 bararenganijwe n’ubutungane mu mwaka w’2023. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe ESDDH rishigikira abaharanira agateka ka zina muntu bari mu bibazo. Ku bwa Germain Rukuki arirongoye, ico cegeranyo c’umwaka uheze kiragaruka ku buryo budashemeye abanyororo bapfunzwemwo, aho uburenganzira butari buke bwabo bubandanya guhonyangwa na cane cane ipfungwa ridakurikije amategeko. Asaba leta y’Uburundi kurekura vuba bwango ata gisabwe abanyororo bose bapfunzwe hatisunzwe amategeko, n’ukutama ifata abaharanira agateka ka zina muntu nk’abansi b’igihugu, nyabuna ko baterera mw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.