Amakuru
7 août 2024

ESDDH isaba irekurwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, apfunzwe ku karenganyo

Ihagarikwa n’ipfungwa ridakurikije amategeko vy’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ntibitangaje kuko kuva mu mwaka w’2015, ubutegetsi bwihaye intumbero yo gutoteza abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru aho bapfunzwe, abandi baranyuruzwa mbere n’abandi barahunga igihugu. Ivyo bivugwa na Germain Rukuki, arongoye ishirahamwe ESDDH ryishinze kugwanira agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe, aho ababazwa n’uko ako kabi kabishe gushika uno munsi kakibandanya. Floriane Irangabiye ngo kubona yaragiranye ibiganiro n’abantu bakurikiranwa n’ubutungane no kwifotoza ari kumwe n’abategetsi bamwe bamwe bo mu karere ntiyategerezwa kubizira. Germain Rukuki asaba ubutungane kwikubita agashi bukarekura umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ariko azira akarenganyo.