Amakuru
25 mai 2023

Ukuronswa impapuro z’inzira passeports ku Barundi baba hanze batarinze gutaha kiriko kirigwa

Abantu barakwiye kumenya ibikorerwa mu bushikiranganji bw’Imigenderanire n’ayandi makungu. Ni co gituma hatunganijwe ibikorwa vy’iminsi ibiri vyo kumenyekanisha ubwo bushikiranganji. Mu bibazo abantu babajije hakaba harimwo uko Abarundi baba hanze boronswa impapuro z’inzira mu bihugu babamwo. Marie Ancilla Ntakaburimvo, ajejwe gutunganya ivyo bikorwa, avuga ko mu kurindira ko ivyo bishoboka, abo Barundi bari hanze bashobora gusaba ico bita laissez-passer kugira bashobore gutaha, gutyo bashobore gusaba izo mpapuro bari mu Burundi.