Amakuru
19 juillet 2023

Nta Murundi yategerezwa gutezwa ingorane kubera iciyumviro yashikirije ku buzima bw’igihugu

Kwagiriza Floriane Irangabiye ko yahungabanije umutekano w’Uburundi nta nsiguro bifise. Ni Umurundikazi afise uburenganzira nk’abandi banyagihugu bose. Ivyo biri mw’ikete ishirahamwe ry’Abarundi baba mu gihugu c’Ububiligi bandikiye umukuru w’Igihugu c’Uburundi, mu gihe buca bitaba ubutumire bw’ibirori vyo kwibuka ukwikukira kw’Uburundi bahawe n’ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu. Ivyo birori bikaba bitegekanijwe kuri uyu wa 22 Mukakaro mu gihe i Bujumbura uwo munsi wahimbajwe ku wa 01 Mukakaro. Emery Kameya, aserukira iryo shirahamwe, atera akamo abategetsi b’Uburundi kwubahiriza ubwigenge bw’Abarundi bose kugira igihugu gitangure kuja ku ntambwe y’iterambere.