Amakuru
20 août 2022

Ukuri ku bibera mu mabohero yo mu gihugu ku bw’ishirahamwe ESDDH

Ihonyangwa ry’uburenganzira burekuriwe abapfungwa mu mabohero atandukanye mu gihugu rikorwa ku mugaragaro. Ivyo bikaba biteye ishinga ishirahamwe ryishinze gushigikira abaharanira agateka ka zina muntu bageramiwe, ESDDH. Aho hakavugwa ibijanye n’ugufungurirwa, ukwivuza hamwe n’ibijanye n’uburaro. Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryasohoye ku bijanye n’iryo hohoterwa, Félicien Irimbere, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, ati abakora ayo mabi cane cane ni bamwe mu barongoye amabohero. Agasaba abo barongoye amabohero guhagarika ibijanye na ka mwana wa mama mu vy’uburenganzira bw’abanyororo basanzwe barekuriwe n’amategeko.