Amakuru
14 février 2024

ESDDH irarajwe ishinga n’iburabuzwa mu butungane ry’abaharanira agateka ka muntu batanu b’Abarundi

Ishirahamwe riharanira agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu ESDDH rirarajwe ishinga n’ingene abantu batanu baharanira agateka ka zina muntu, bafashwe bagapfungwa bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2023 mu nyuma bakarekurwa ku wa 27 Ndamukiza uwo mwaka nyene, ariko gushika n’ubu baguma baburabuzwa n’inzego z’ubutungane n’iz’intwaro yo hagati mu gihugu. Germain Rukuki, umukuru w’ishirahamwe ESDDH, avuga ko adatahura ukuntu abo bantu baguma baturubikwa, mbere n’ama konte y’amashirahamwe baserukira akabandanya yugawe. Iryo shirahamwe rigasaba ko ivyo vyohagarara.