Amakuru
23 mars 2023

Ukugabanya imvyaro no gushiraho ibigega vy’integabizoza vyofasha kugabanya iduga ry’ibiciro

Iruhande y’itangwa ry’amasoko ya leta ku karwi k’abantu, hari ibindi bituma haba iduga ry’ibiciro kw’isoko. Ni nk’ukutagira umwimbu ushimishije mu gihugu hamwe n’igwirirana ry’abantu. Ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, mu nama ya bose yabaye mu ndwi iheze, ryasavye leta gutegeka abanyagihugu kugabanya imvyaro bahereye kuri bamwe mu bategetsi b’Uburundi bo hejuru. Ivyo Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, yabishikirije kuri uyu wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. OLUCOME kandi ikabona ko ari hamwe leta yoshiraho ibigega vy’integabizoza vy’ibitoro n’ibindi bikenerwa kenshi vyofasha ko iduga ry’ibiciro ritabandanya eka n’amafaranga ntabandanye ata agaciro.