Amakuru
19 mars 2021

Ukudashira mu ngiro ikigongwe c’umukuru w’igihugu ku banyororo barenga ibihumbi bitanu, ni kimwe mu vyerekana ko umukuru w’igihugu ata ngingo ashobora gufata, hari abandi bategeka

Ukudashira mu ngiro ikigongwe c’umukuru w’igihugu ku banyororo barenga ibihumbi bitanu, ngo ni kimwe mu vyerekana ko umukuru w’igihugu ata ngingo ashobora gufata, hari abandi bategeka. Ivyo bishikirizwa na muganga Jean Minani, arongoye urunani rw’imwe mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Akababazwa n’uko iyo ngingo kandi yaje yerekeye irekurwa rya bamwe, ahanini bagizwe n’abakoze ivyaha bo mu mugambwe uri ku butegetsi. Ikindi cerekana ko ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu bufise aho bugarukira, ni uko n’ico kigongwe casobanuye abakironka.