Amakuru
17 septembre 2022

Abapfunzwe bose bazira ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bakwiye kurekurwa

Leta y’Uburundi ikwiye kurekura abantu bose bapfunzwe bazira kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Bisabwa na muganga Yohani Minani, arongoye Urunani CNARED. Abivuze inyuma y’aho bimenyekanye ko sentare isubiramwo imanza ya EAC yaciye urubanza yemeza ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza cahonyanze amategeko. Muganga Yohani Minani agasaba leta y’Uburundi gutunganya ibiganiro bidakumira kugira Abarundi bave mu ndyane binjiyemwo kubera ico kiringo.