Amakuru
24 avril 2023

Leta itegerezwa kwemera ibiganiro kugira ibibazo vy’Uburundi bitorerwe umuti

Gusubira kugendera ku masezerano ya Arusha no kugira ibiganiro bidakumira ni vyo bizotorera umuti ikibazo c’Uburundi. Iyo ni impanuro ya muganga Jean Minani, arongoye urunani CNARED. Akaba abivuze inyuma y’ifatwa rya général Alain Guillaume Bunyoni. Ku bwa Jean Minani, ngo ntibikiri agaseseshwarumuri ko intwaro ya CNDD-FDD iri mu bibazo bikomeye cane bikeneye gutorerwa inyishu yihuta.