Guhimiriza abagwizatunga kugira ngo bashobore gushinga amahinguriro azofasha mu kugwiza umwimbu w’ibidandazwa bisanzwe bikenerwa mu buzima bwa minsi yose, ngo niyo ngingo yafashwe na leta y’Uburundi. Bishikirizwa na Marie Chantal Nijimbere, umushikiranganji w’Ubudandaji n’amahinguriro mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, aho yariko ashikiriza ibikorwa vyaranguwe n’ubwo bushikiranjanji mu mezi atandatu aheze. Arongera akavuga ko kuba amahinguriro adashobora gukora ibingana n’ivyo abanyahihugu bakenera ari intambamyi mu bushikiranganji arongoye.
Amakuru
19 janvier 2022