Amakuru
12 janvier 2023

Ukuborezwa igufa n’ukubura kw’ivyokurya vyariyongereye mu mabohero mu mezi atatu ya nyuma y’2022

Ukuborezwa igufa ngo vyariyongereye cane mu mabohero yo mu Burundi. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu ryinshinze kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT-Burundi, c’amezi atatu ya nyuma y’umwaka w’2022. Umushingwamanza Jean-Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, avuga ko ikindi cibonekeje cane muri ico kiringo mu mabohero, ari ibura ry’ibifungurwa.