Amakuru
28 mars 2023

Ugutoteza abaharanira agateka ka zina muntu kwasubiye kwimonogoza mu Burundi

Leta y’Uburundi ikwiye guhagarika itotezwa n’ipfungwa bikorerwa abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi. Biri mu rwandiko ishirahamwe riharanira rikongera rigashigikira abaharanira agateka ka zina muntu (ESDDH) ryasohoye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Ntwarante. Rifatiye ku bapfunzwe ata makosa agaragara bagirizwa, iryo shirahamwe risaba ubutungane bw’Uburundi kwikubita agashi bukaba akarorero mu gukurikiza no kwubahiriza amategeko akingira abaharanira agateka ka zina muntu. Bitabaye uko, ngo buzoba buriko buracafuza ishusho ry’igihugu.