Ugutituka kw’ubumenyi mu mashure ntikukiri agaseseshwarumuri mu Burundi. Mu ntambamyi uwaserukiye abarongoye amakaminuza yashikirije ubushikiranganji bw’indero mu gutanguza icese umwaka wa kaminuza turimwo, yamenyesheje ko harimwo ko abanyeshure basigaye bashika muri kaminuza bafise urugero rw’ubumenyi buri hasi cane.
Mbega none ayo makaminuza yoheza akavyifatamwo gute kugira ashobore gufasha abo banyeshure ?
Leta yo yokora iki kugira itorere umuti ico kibazo ?