Amakuru
14 mars 2023

Ugutegeka abakozi ba leta gusenga imbere yo gutangura akazi kurahonyanga Ibwirizwa nshingiro

Kuva kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante, abakozi bose bakora mu biro vy’umukuru w’Igihugu, icegera ciwe hamwe no mu biro vy’umushikiranganji wa Mbere, hbategerezwa kugira igisabisho c’iminota 30 kuva isaha imwe n’igice (7h30) gushika isaha zibiri (8h00) z’igitondo. Ivyo vyasohotse mw’itangazo ryashizweko umukono n’umuyobozi mwishikira kw’igenekerezo rya 06 Ntwarante uno mwaka. Iyo ngingo ikaba ishobora no gutandukira ubuzi bwose bwa leta nk’uko vyasabwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye.
Mu gihe Ibwirizwa nshingiro ritegekanya ko Uburundi ata dini na rimwe bugenderako, bamwe n’abandi baribaza nimba iyo ngendo itazohonyanga Ibwirizwa nshingiro.