Amakuru
12 février 2022

Ugusubira gukorana kwa leta n’Umuryango w’ubumwe bwa Buraya ntikwisunze agateka ka zina muntu

Umuryango w’ibihugu vya Buraya ntiwashize imbere ukwubahiriza agateka ka zina muntu mu Burundi imbere yo gufata ingingo yo gukuraho ibihano wari wabufatiye kuva mu mwaka w’2016. Uko niko bishikirizwa na ACAT-France mw’itangazo yasohoye kuri uno wa gatatu. Clément Boursin, ajejwe akarere ka Afrika muri iryo shirahamwe ry’abafaransa riharanira agateka ka zina muntu no kurwanya ukuborezwa igufa, atangaza ko gusubira kwunga ubucuti kw’Uburundi n’ibihugu vya Buraya bitisunze na gato intambwe Uburundi bugezeko mu gusubiza mu buryo ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.