Amakuru
11 mai 2023

Ihagarikwa rya Bunyoni ni akaryo keza ku bakorewe amabi ko gusaba ubutungane

Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa Mbere yategerezwa gukurikiranwa no ku mabi yakozwe n’igipolisi yari arongoye mu mwaka w’2015 gushika mu 2020. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT yo mu gihugu c’Ubufaransa. Clément Boursin, ajejwe igisata ca Afrika muri ACAT-France, asaba ko urubanza rwa Bunyoni rwoburanishwa hakurikijwe amategeko.