Amakuru
29 mars 2023

ACAT-Burundi iranegura ingene ibitigiri vy’abapfungwa biguma biri hejuru

Amabohero mu Burundi aracarangwamwo ikibazo c’ubwinshi bw’abanyororo, aho ubwinshi bwabo bugeze ku bice 280 %. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT-Burundi c’umwaka w’2022 ku mabohero. Ku bw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, ukwikwega mw’ikorwa ry’amadosiye y’abapfungwa, akazi gahabwa abatagashoboye, ibiturire hamwe n’ubutungane bidakora nk’uko bitegerezwa ni bimwe mu bituma habandanya hibonekeza ubwinshi bw’abanyororo mu mabohero.