Amakuru
27 juillet 2021

Ugusasira indava ukudahana mu Burundi bishobora kugira ingaruka mbi muri kano karere

Birateye agahinda kubona imyaka 25 iheze abishe abatutsi 648 bari bahungiye mw’ikambi y’abateshejwe izabo batigeze bakubitwa intahe mu gahanga. Ako gahinda gafiswe n’ishirahamwe AC-Génocide igisata co muri Canada. Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’iryo shirahamwe, akaba yabishikirije kuri uyu wa  25 Mukakaro 2021, aho ishirahamwe AC-Génocide ryari riramutse rija kwunamira abo bagandaguwe n’abarwanyi b’umuhari CNDD-FDD warwanya leta y’ico gihe. Emmanuel Nkurunziza akagabisha amakungu ko ukwo gusasira indava ukudahana mu Burundi bishobora kugira ingaruka mbi muri kano karere.