Gufunga abaharanira agateka ka zina muntu hadakwirikijwe amategeko, biracafuza igihugu mu makungu. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Asaba umukuru w’Igihugu gutegeka ko abantu 5 baharanira agateka ka zina muntu bafashwe n’iperereza ku munsi wa kabiri barekurwa. Nimba na ho hari ico ubutungane bubabaza, bubakwirikirane hakwirikijwe amategeko.
Amakuru
16 février 2023