Amakuru
15 novembre 2021

Ugukwirikiza amabwirizwa yo kwirinda, niyo ntango yo gutsinda ikiza ca Corona

Abarundi ngo bari bakwiye gukurikiza amategeko n’amabwirizwa yo kwikingira ikiza ca Corona, mu ntumbero yo kugabanya impfu n’ikwirakwira ry’ico kiza. Ni akamo gaterwa n’urunani rw’Abarundi baba mu mahanga FODIB mw’isekeza rizomara indwi zibiri. Bishikirizwa na Claudia Curinyana Anderson, icegera c’uwurongoye urwo runani.