Amakuru
16 septembre 2022

Ugukuraho urwego rw’Abashingantahe kwabaye ukwihenda

Leta y’Uburundi nti yari ikwiye gukuraho urwego rw’Abashingantahe. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Avuga ko urwo rwego ari rwo Uburundi bwari bwubakiyeko. Kurukura uba ukuyeho imwe mu nkingi z’akaranga k’Uburundi.