Amakuru
19 mars 2022

Ugukuraho uburusho ku bakozi b’amashirahamwe amwe guca kubiri n’amategeko agenga akazi

Itangwa ry’uburusho buhabwa abakozi bakorera amashirahamwe yegamiye leta canke ifisemwo umutahe bwaraye buhagaritswe vy’imfatakibanza kuva mu mwaka w’amaHkori w’2021. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta Domitien Ndihokubwayo ku wa mbere uheze, akaba yabishikirije abarongoye ayo mashirahamwe. Akaba yababwiye ko biri mu rukurikirane rw’ishirwa mu ngiro ry’ivyapfunditswe mu mwiherero watumweko n’umukuru w’Igihugu mu ntara ya Gitega. Ariko rero, abanonosoye amategeko bavuga ko ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo y’umushikirananji w’Ikigega ca leta izogorana, kuko ica kubiri n’amategeko agenga akazi hamwe n’Ibwirizwa shingiro ubwaryo ritegekanya ugutandukanya ivy’ubutegetsi. Umushingwamanza Cyriaque Nibitegeka amenyesha ko iyo ngingo ica kubiri kandi n’itegeko rikingira uburusho umuntu yamaze guhabwa n’amasezerano y’akazi. Ahanura abazokorwako n’iyo ngingo guca bitura sentare y’akazi hamwe na sentare itatura amatati y’akazi.