Amakuru
26 octobre 2023

Ugukura abana mw’ibarabara kuracagoye, n’aho leta yavyiyemeje (RCP)

Kuva hashizweho umugambi wo gusubiza mu miryango yabo abana bo mw’ibarabara, haciye hatanguzwa isekeza ryo kubahiga, kubafata no kubapfunga, ariko abo bana bo mw’ibarabara ntibigeze bagabanuka. Igipolisi kikaba giherutse kugira umukwabu wo gufata abo bana bo mw’ibarabara hamwe n’abagenda barasega. Abafashwe baciye bajanwa mu kigo categekanijwe kubakira mu ntara ya Cankuzo kugira bafashirizweyo.
None uno munsi umuntu yokwizera y’uko ico kibazo kigiye kuronka umuti urama ?