Amakuru
12 mars 2022

Ugukoresha imiduga y’ishure kwogabanura cane ukwuzura kw’imiduga i Bujumbura

Guhimiriza abagwizatunga gushiraho amabisi y’ishure ni kimwe mu vyiyumviro vyatanzwe n’abashoferi bunguruza abantu. Bishikirizwa na Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Hari mu nama y’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu hamwe na ba musitanteri b’amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura. Jimmy Hatungimana yavuze ko ku ruhande rwiwe ico cipfuzo ari ciza, kuko kizogabanya ikibazo co kubisikanya c’imodoka zagwiriye mu gisagara.