Amakuru
10 mai 2022

Ugukorera mu mahinguriro mato mato kwofasha mw’ikena rya bimwe mu vya nkenerwa bikunda kubura

Abagwizatunga barahamagarirwa kuzana imitahe yabo mu gisata c’ubudandaji kugira ngo hagwizwe umwimbu w’isukari mu gihugu. Marie Chantal Nijimbere, umushikiranganji w’Ubudandaji, avuga ko ikena ry’isukari rimaze iminsi ryibonekeza ku masoko ari ukubera amahinguriro ahingura imitobe (jus) n’inzoga yabaye menshi, mu gihe irihingura isukari ridafise ubushobozi bwo guhingura isukari ikwiye ku bayikenera n’ayo mahinguriro.