Amakuru
14 janvier 2022

Ugukorana kw’Uburundi na Misiri ntigutahurwa kumwe mu bashingamateka b’Uburundi

Inama nshingamateka y’Uburundi yaraye yemeje kuri uyu wa gatatu integuro y’itegeko igenga ugukorana hagati ya leta y’Uburundi na leta ya Misiri, ku bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gutunganya inzuzi mu Burundi. Bamwe mu bashingamateka ntibemeje iyo nteguro kuko babonamwo amakenga ajanye n’uko Uburundi busa n’ubwoba buhengamye mu kutumvikana kwa Misiri na Ethiopiya bisanzwe bipfa amazi y’uruzi Nil, hamwe kandi n’ukubona ko ayo masezerano adatanga inyungu zingana hagati y’Uburundi na Misiri. Umushikiranganji yari yagiye gusigura iyo nteguro akaba asa n’uwutashoboye gutuma abo bashingamateka banyurwa.