Agriculture
23 août 2022

Ifumbire yose ya FOMI yacerewe izotangwa ino ndwi kugeza ku munsi wa gatanu mu gihugu cose

Ku munsi wa gatanu itariki 26 Myandagaro, ni ryo sango ntabanduka umushikiranganji w’Uburimyi yihaye kugira abarimyi bose bazobe bamaze kuronswa ifumbire ya FOMI yacerewe. Déo Guide Rurema avuga ko ubushikiranganji bwiwe bwiteguye kugira ngo ico gikorwa kigende neza ata ntambamyi.