Amakuru
20 décembre 2021

Uguhagarika ibikorwa bihuza abantu benshi nikwo gushobora kugabanya abandura Corona

Ingingo zo kugwiza ibibanza vy’ugupimiramwo ikiza ca Corona hamwe n’ukugabanya ingendo zitari nkenerwa ntizikwiye. Kubwa muganga Jean Minani, yahoze ari umushikiranganji w’amagara y’abantu, leta ikwiye nyabuna gufata ingingo zikomeye harimwo guhagarika ibikorwa vyose bihuza abantu benshi nko mu masoko canke mu masengero. Leta igahimiriza kandi abantu kuja kwikingiza.